Turame Community Finance
Ni kuki mwohitamwo Turame ?
Turame ntitanga gusa uburenganzira bwo gushikira serevisi zerekeye ubutunzi. Turongera tugategura abarundi kugira bashobore gushitsa indoto zabo mu kubaha ingurane zibafasha m’urudandazwa rwabo, gushobora kuziganya n’izindi serevisi zerekeye ubutunzi n’amahugurwa.

Tumaze ikiringo kirekire dukorana n’abarundi.

Dutanga inyishu zubakiye kuri Kristo kugira umuntu wese yitwararike ishingano ziwe mu kibano ciwe.

Dufise ibidandazwa n’ama serevisi y’ubwoko butandukanye.
Intahe z’abatwitura
Naciwe ibiganza mu ntambara yo muri 1995 kumara igihe kinini nta vyizigiro vya kazoza nari mfise kuko ata kazi nari mfise.
Sinari nkishoboye gukora ibikorwa nk’abandi mu kibano. Imana yarungitse umukozi wa Turame mu kibano canje kutwigisha ibidandazwa bafise n’Ubutumwa bwiza, naciye nibwira ko Imana inyibutse. Nararonse ingurane ntangura inzu y’uburiro ubu ndabinezererewe. Nkorana n’umugore wanje n’abana mu gihe bataba bari kw’ishure.
Ntuyahaga Daniel
Ibidandazwa na Serevisi zacu

Ingurane y’umugwi
Ingurane yo mu migwi niyo nshimikiro y’igikorwa ca Turame. Dushigikira abikorera ivyabo biciye mu ngurane yo mu migwi…

Kuziganya
Ibidandazwa vyacu vyerekeye ukuziganya birakingiwe kandi bisaba urugezo rw’inyungu ya banki ruri hasi mu gushigikira kazoza k’abanywanyi bacu.

Uburimyi
Turame iritwararitse iterambere ry’abarimyi mu Burundi n’igisata c’uburimyi muri rusangi…
