Ingurane z’umugwi

Ingurane z’umugwi

Ingurane yo mu migwi niyo nshimikiro y’igikorwa ca Turame. Dushigikira abikorera ivyabo biciye mu ngurane yo mu migwi yubakiye ku ngingo ngenderwako za bibiliya.

Dukorera mu muco

  • Turaha agaciro ivyo twiyemeje.

Ingingo zoroheje

  • Nta ngwati isabwa imigwi yo gushigikirana
  • Dukorana impuhwe
  • Twitwararika kugaragaza ubuntu n’ukuri biva ku Mana

Ibanki ya bose

  • Uwemerewe : hagati y’imyaka 18 na 70
  • Uburinganire bw’umugwi : abanywanyi bari hagati ya 10 na 30.
  • Ikiringo c’ingurane : hagati y'amezi 6 na 10
  • Urutonde rwo kurihirako : buri yinga, ku yinga zibiri zibiri na/canke ku kwezi
  • Igitigiri : 100.000 – 3.000.000FBU
  • Inyugu isabwa na banki: 3 %

Umugwi wo gushigikirana

Urugero rw’iyi ngurane ruri hagati ya 100.000Fbu na 5.000.000Fbu kuri buri munywanyi w’umugwi.

  • Uwemerewe : hagati y’imyaka 18 na 70, uwufise ishirahamwe rikiri rito
  • Uburinganire bw’umugwi: abanywanyi hagati ya 5 na 25
  • Ikiringo c’ingurane: hagati y’amezi 6 na 18
  • Urutonde rwo kurihirako: buri yinga zibiri canke ku kwezi
  • Igitigiri : 100.000 – 5.000.000FBU
  • Inyugu isabwa na banki : 2,5 % ku kwezi

Imigwi y’umushahara

Urugero rw’iyi ngurane ruri hagati ya 350.000Fbu na 10.000.000Fbu kuri buri munywanyi w’umugwi.

  • Uwemerewe : hagati y’imyaka 18 na 70, uwufise amasezerano y’akazi y’ikiringo kirekire
  • Uburinganire bw’umugwi : bw’umugwi: abanywanyi hagati bari ya 5 na 10
  • Ikiringo c’ingurane : hagati y'umwaka 1 n'imyaka 2
  • Urutonde rwo kurihirako : ku kwezi
  • Igitigiri : 350.000 – 10.000.000FBU
  • Inyugu isabwa na banki : 12 % ku mwaka