Turame ni bande?

Muri Turame twizera yuko abantu n’imiryango bafise ingabire n’ubushobozi bahawe n’Imana kugira bashitse indoto zabo, dushishikara cane mu kwifatanya nabo muri urwo rugendo rwabo mu kubaha ingurane na serevisi zerekeye ubutunzi.

Amateka ya Turame

Turame Community Finance ni ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana (Microfinance) ryatanguye ibikorwa vyaryo mu Burundi mu mwaka wa 2004, ritangura ari mu mugambi wa World Relief. Mu gihe amashirahamwe menshi atagengwa na Leta (ONG) hamwe n’ayandi mva makungu yitwararika ahanini gutanga ubufasha bw’imfungurwa nk’umuceri n’ibiharage mu ntumbero yo kugabanya ubukene, World Relief yoyo yifuje gushira inguvu n’ubufasha bwayo mu benegihugu b’abarundi ibicishije mu gutanga ingurane nto nto. Niko gushiraho no kwugurura ibanki y’abenegihugu Turame mu ntumbero yo guha agateka abenegihugu ba ntaho nikora mu gutanga inyishu zirama kubw’iterambere ryiza mu vy’ubutunzi. Mu ntango ryayo, ishirahamwe ryatanguye ritanga ingurane nto nto ku banywanyi baryo no kubasangiza ivyizigiro bitangwa n’Ijambo ry’Imana.

Muri Nzero 2007, ibanki y’abenegihugu Turame yaritandukanije na World Relief ica iraheza yemerwa nk’ibanki yo kuziganya no kuguranana yo ku rwego rwa kabiri. Twemeranije n’ikoraniro ry’abo dufashanya hamwe n’ibanki nkuru y’igihugu, izina ryaciye rihinduka riva kukwitwa Turame Community Bank rija kukwitwa Turame Community Finance muri Nyakanga 2008.

Muri kino gihe, Hope International, ishirahamwe ritagengwa na Leta ryubakiye k’ugushigikira indoto z’abikorera utwabo no gukwiragiza ubutumwa bwiza, niryo munyamitahe w’imbere muri Turame Community Finance. Turame ikaba ifise abanywanyi bagera kuri 42 000, igakoresha abakozi 154 ikaba ifise amashami yaryo mu ntara 13 z’Uburundi, arizo : Bujumbura Marie, Bujumbura Rural, Gitega, Muramvya, Mwaro, Karusi, Ngozi, Kayanza, Bubanza, Rumonge, Cibitoke, Kirundo na Muyinga.

Iwacu muri Turame Community Finance, dushigikira indoto z’imiryango iri mu kibano cugarijwe n’ubukene mu Burundi twongera twamamaza tukanagendera Ubutumwa Bwiza.

Intego yacu

gushigikira indoto z’imiryango ititaweho muburundi, twamamaza kandi tugendera ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo.

Uko dukora

Dusangiza ivyizigiro vya Kristo mu gutanga inyigusho z’ubakiye kuri Bibiliya, serevisi zo kuziganya no kuguranana mu ntumbero yo kugarukana agateka no gutuza burundu ubukene.

Impamvu tubikora

Urukundo rwa Yesu Kristo nirwo rudusunikira kwifatanya n’abasugerejwe n’ubukene kugira ducike ibirenge n’ibiganza vyiwe ngo dushobore gushemagiza Imana.

Menya abarongozi bacu

$