
Ntuyahaga Daniel
« Naciwe ibiganza mu ntambara yo muri 1995 kumara igihe kinini nta vyizigiro vya kazoza nari mfise kuko ata kazi nari mfise. Sinari nkishoboye gukora ibikorwa nk’abandi mu kibano. Imana yarungitse umukozi wa Turame mu kibano canje kutwigisha ibidandazwa bafise n’Ubutumwa bwiza, naciye nibwira ko Imana inyibutse. Nararonse ingurane ntangura inzu y’uburiro ubu ndabinezererewe. Nkorana n’umugore wanje n’abana mu gihe bataba bari kw’ishure »

Nahimana Jeanine
« Ndashimira Imana buri musi ku masengesho dusabikanya mu mugwi wanje wo mu kibano, kuko aramfasha igihe cose nciye mu bihe bitoroshe. Abo turi kumwe mu mugwi bancikiye nk’umuryango tugashigikirana muri vyose »

Ntakirutimana Marie
« Turame Community Finance yaranyizeye mu gihe atawunzi yaramfitiye icizere. Kumara ikiringo kinini nabwiye kenshi ko ataco maze ata gaciro mfise. Igihe Turame yadushikira ikatuganiriza ivyerekeye ingurane n’inyigisho za Bibiliya narize kwizera ubushobozi Imana yampaye. Turame yarizeye indoto zanje bica binshoboza gukuza urudandazwa rwanje. Muri kino gihe abana banje baraja kw’ishure tukanaronka ico gufungura ».
